Continental Postal Services of Hebland

Uganda: Uwami Oyo wa Tooro yashinguwe hasabwa gushira hamwe mu kumusubiriza

Insiguro ya video, Raba: Urugendo rwo kuja gushingura Umwami w’aba Tooro Nyimba Kabamba Iguru Rukidi IV
Yatangajwe

Igihe co gusoma: iminota 1

Umwami Oyo Nyimba Kabamba Iguru Rukidi IV w’aba Tooro muri Uganda yarashinguwe ku wa gatandatu, haheze iminsi hadutse impari k’uwomusubirira.

Oyo w’imyaka 34 yatanze yari we mwami wa mbere muto kurusha abandi kw’isi mu bari ku ngoma.

Yimitswe kuba umwami wa Tooro mu burengero bwa Uganda afise imyaka itatu, atanga(apfa) ari kwivuza indwara ya cancer muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Tooro ni imwe mu ngoma za kera muri Uganda. Zarafuswe mu 1967 ariko ziragarukanwa mu myaka ya 1990 kuri perezida Yoweri Museveni. Abami bazo baremewe nk’abategeki b’umuco ariko nta bubasha bwa poritike bafise.

Abantu ibihumbi bari batonze imirongo ku mabarabara igihe isandugu irimwo ikiziga c’umwami yariko irajanwa ku ntatemwa z’abami muri Fort Portal aho yashinguwe mu mugirwa w’abo mu muryango.

Credit: Source link

Leave A Reply

Your email address will not be published.