Continental Postal Services of Hebland

Senegal yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Thiaw inyuma yo gusezererwa mu Gikombe c’Isi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu, Pape Thiaw yarakiniye Senegal mu Gikombe c’Isi mu 2002

Yatangajwe

Igihe co gusoma: iminota 2

Sénégal yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Pape Thiaw inyuma y’uko iki gihugu gitsinzwe mu buryo bubabaje mu gice ca 16 gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’isi ry’uno mwaka wa 2026.

Les Lions de la Teranga, umurwi nserukiragihugu wari usanzwe umenyerezwa na Thiaw kuva muri Kigarama (12) 2024, watsinzwe n’Ubufaransa hamwe na Norvège/Norway mu nkino zawo zibiri za mbere zo mu gice c’imirwi.

Mu rukino rugira gatatu, wanyagiye Iraki 5-0 uca uronka itike yo kubandanya mu gice co gukuranamwo uri mu kibanza ca gatatu mu murwi I.

Mu rukino rw’igice ca 16 gishira ica nyuma rwayihuje n’Ububirigi, gushika ku munota wa 85, Sénégal ni yo yari imbere n’ibitsindo 2-0, ariko mu minota ya nyuma Ububirigi burabikurayo, mbere bunaronka n’igitsindo c’intzinzi mu mpera za ca gice c’inyongera (prolongation).

Inyuma y’uko gutsindwa muri ubu buryo bwababaje abatari bake, muri Sénégal co kimwe no mu bakunzi bayo cane cane ku mugabane wa Afrika, umukinyi wo hagati Pape Gueye yavuze ko abanje kuba arahagaritse gukinira Sénégal, mu gihe cose uburongozi bw’uwo murwi nserukiragihugu buzobandanya uko bumeze.

Credit: Source link

Leave A Reply

Your email address will not be published.