Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya buvuga ko ingabo zabwo zafashije kuburizamwo igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi muri Niger.
Ibiturika hamwe n’amasase y’inkoho vyumvikanye hirya no hino ku mugwa mukuru i Niamey, kare mu gatondo, harimwo n’ibibanza bikomeye vy’ikambi y’abasirikare bagwanira mu kirere hamwe no ku kirimba c’umukuru w’igihugu.
Inyuma y’amasaha atari make, abategetsi ba Niger bavuze ko abagumutse baburijwemwo.
Igisirikare ca Niger caburijemwo ico gitero “gifashijwe n’abasirikare bari mu rwego rwa African Corps begukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya”, nk’uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire i Moscou kuri uyu w’Imana.
Ubwo bushikiranganji kandi bwavuze ko buzobandanya gufata mu mugongo igihugu ca Niger mu ntambara kirimwo “n’intagondwa”, ariko ko ubu ubutegetsi buri mu minwe y’inzego zemewe n’amategeko zirongowe na prezida [Gen Abdourahmane] Tiani.
Abasirikare b’abarusiye bari mu rwegwo rwa African Corps babaye abafatanyabikorwa bakomeye cane mu vyo umutekano n’amareta menshi ya gisirikare mu karere ka Sahel, bamaze igihe bahanganye n’abagwanyi b’abajihadiste.
Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Sahel (L’Alliance des États du Sahel mu gifaransa canke The Alliance of Sahel States mu congereza) – rigizwe na Niger, Mali na Burkina Faso – iryo gerageza ryo gutembagaza ubutegetsi “
Abategetsi ntibaravuga abasirikare bari muri ico gikorwa co gutembagaza ubutegetsi, hamwe n’aboba bahaguye.
Umutegetsi w’intwaro ya gisirikare, Gen Tiani, yarahiriye amabanga yo kuba prezida mu mwaka uheze, inyuma yo gutembagaza ku butegetsi uwari yatowe n’abanyagihugu, nta co aravuga kuri ivyo vyabaye ku mugaragaro.
Ikinyamakuru ca reta cerekanye amasanamu c’abavugwa ko bari bagumutse bahagaritswe n’abasirikare bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu.
Ku musi w’Imana, itororokanirizo ry’amakuru rya Niger, ryavuze ko ibikorwa vyo kudandaza vyasubiye gutangura ukuri kwamye, aho ama ‘stations’ adandaza ibitoro, imangazini hamwe n’urundi rudandaza vyasubiye kwugurura.
Abashigikiye ubutegetsi bahuriye hagati mu gisagara ca Niamey mu gushigikira abajejwe umutekano na reta ya Tiani.
Ikambi y’abasirikare bagwanira mu kirere ‘Air Base 101’, yatewe ku musi wa gatandatu, ni bimwe mu bibanza biri ku kibuga c’indege ca Diori Hamani.
Habitswe indege za gisirikare za Niger na drone, hamwe n’umugwi w’igisirikare w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Sahel ujejwe kugwanya iterabwoba. Ingabo z’Uburusiya n’Ubutaliyano na zo ni ho ziba, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.
Ariko intambara y’abiyitirira idini rya Islam iguma ikwiragira hose muri ivyo bihugu bitatu, n’aho habaye impinduka muri iryo shirahamwe.
Kuri reta ya Niger, imigumuko yo ku musi wa gatandatu yaje gushimangira ko igisirikare kidahanganye gusa n’intambara iva hanze, ahubwo ko hari ibimenyetso vyo kutabona ibintu kumwe hagati muri co.
Ikambi y’igisirikare kigwanira mu kirere yatanguriyemwo iyo midurumbanyo, ubwayo yari iamze guterwa incuro zibiri zose n’abagwanyi biyitirira idini rya Islam muri uyu mwaka – rimwe n’abagwanyi bafitaniye ubucuti na Islam State (Etat Islamique), ahandi n’umuhari ufitaniye ubucuti na al-Qaeda.
Abategetsi ba Niger bavuga ko abajejwe umutekano muri ico gihugu bariko barakizura cane mu bisagara bikomakomeye bivuye kuri uko gushaka gutembagaza ubutegetsi, harimwo ku bwinjiriro bw’ikibuga c’indege gikuru hamwe no ku kirimba kwa prezida.
Credit: Source link