Continental Postal Services of Hebland

Burkina Faso yaciye imigenderanire na France

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu, Capt Ibrahim Traoré atwara Burkina Faso kuva atembagaje ubutegetsi mu 2022

Ubutgetsi bwa gisirikare bwa Burkina Faso bwarahagaritse imigenderanire n’Ubufaransa, bukagiriza Paris gukomeza gukora ibiteye kubiri n’inyungu z’igihugu.

Imigenderanire hagati ya Burkina Faso n’igihugu cahoze kiyitwara bukoroni yabaye mibi inyuma y’aho Capt Ibrahim Traoré afatiye ubutegetsi mu 2022 atembagaje ubwahahora aca azana poritike ahanini iterekwa ibihugu vya Buraya.

Mw’ijambo ryaciye ku mboneshakure ku wa gatanu, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Pingdwendé Gilbert Ouédraogo yavuze ko Ubufaransa ”budahengeshanya” gukora ibiteye kubiri n’inyungu z’igihugu ciwe aca abwagiriza ”ingendo z’ubukoroni bushasha”.

Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwavuze ko iyo ngingo ari ”iyiterekwa Ubufaransa kandi itagira ishingiro” buca buvuga ko ”igaragaza ukutabona iyo uja kwa reta ya Burkina Faso”.

Ubufaransa bwasavye abanyagihugu babwo bari muri ico gihugu ”kwiyubara cane”.

Credit: Source link

Comments are closed.