- Umwanditsi, Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
Umuporisi wo muri Kenya yarashwe n’intwazangabo mu giporisi muri iyi ndwi yapfuye, nk’uko vyatangajwe n’umukuru wa sentare ntahinyuzwa.
Martha Koome yanditse ku rubuga X, rwahoze ari Twitter, ko umucamanza mukuru wa Makadara Monica Kivuti ”yarushijwe inguvu n’ibikomere” [yagize igihe yaraswa].
Uwo mugore, Kivuti, yarashwe n’umuporisi muri sentare ku murwa mukuru, Nairobi, ku wa kane inyuma y’aho afutiye ingingo y’uko umugore w’uwo muporisi arekurwa vy’imfatakibanza kubera yari yatorotse.
Uwo muporisi, yamenyekanye ku mazina ya Samson Kipchirchir Kipruto, nawe yaciye araswa aricwa n’umuporisi mugenziwe aho amariye kurasa uwo mucamanza.
Abandi baporisi batatu barakomeretse ariko bo bivugwa ko amagara yabo adatera atituka.
Muri iryo tangazo yasohoye kuri uyu wa gatandatu, umukuru wa sentare ntahinyuzwa yanditse ati:
”Umuryango wose w’abakora mu bucamanza ufatanye mu nda muri iki gihe kibabaje cane kandi usaba [abantu] kuvyumva no kwifatanya [nawo] mu gihe tugandaye.”
Ku bw’ikinyamakuru Star, cavuganye n’umuntu wo mu bitaro vya Nairobi (Nairobi Hopsital), Kivuti yapfuye ku wa gatanu mw’ijoro inyuma yo kuraswa mu gikiriza no mu kuguru.
Sentare ya Makadara izoguma yugaye gushika ku wa mbere.
Urwego rw’igiporisi c’igihugu rwavuze mw’itangazo ku wa kane ko Kipruto yari ajejwe igituro c’igiporisi i Londiani mu burengero bwa Kenya, yari yaje muri sentare ”ku mvo zitazwi” igihe hariko haraba urubanza rw’umugore wiwe. Yagirizwa kwakira amafaranga ”yitwaje ibitari vyo”.
Amatohoza aracabandanya ku vyabaye.
Koome yavuze ko bigaragara ko Kipruto yari yagambiriye kwica Kivuti.
Ivyabaye muri sentare vyarashegeshe abanya-Kenya.
Abaporisi bari basanzwe bakunze kwagirizwa ubwicanyi ndengerabutungane ariko ntivyari bwigere bishika ko hari umuntu yicirwa imbere muri sentare.
Ubucamanza bwavuze ko bugiye kuzokomeza ingingo z’umutekano bunizeza abakozi bo mu bucamanza n’abitura amasentare umutekano wabo.
Urwego rw’abashingwamanza muri Kenya rwavuze mw’itangazo ko ivyabaye atari ikintu kiri ”ukwa conyene ahubwo ko kiri mu ngendo ibabaje yo kwongereza iterabwoba no gutoteza abacamanza n’abashingwamanza”.
”Imanza z’amatati zirashobora kujamwo ibishobisho vyinshi cane, kandi ivyago bishobora gushikira abacamanza n’abashingwamanza nta kubifata minenerwe.”
Urwo rwego rwongeyeko ko ruzokorana n’umukuru wa sentare ntahinyuzwa Koome kugira hajeho ”imikenyuro ikwiye yo kwubahiriza inzego z’ubutungane bwacu n’abakora umwuga wabwo”.
Credit: Source link