Urubanza rw’umunyarwanda Emmanuel Nkunduwimye yagirizwa ivyaha vya jenoside rwabandanije muri sentare y’abanyagihugu ica imanza zikomeye (cour d’assises) i Bruxelles mu Bubirigi.
Mu ntahe y’uno munsi sentare yari yatumiye abahinga b’ivyabaye mu gihe ca jenoside kugira batange umuco ku vyateye ayo mahano.
Umuhinga umwe niwe yumvirijwe. Ni Umufaransakazi Hélène Dumas w’imyaka 42, umuhinga ku Rwanda. Yishuye ibibazo vya sentare hakoreshejwe amashusho (Visio conférence) ari i Kigali mu Rwanda ku mpavu z’akazi.
Uwo mwigisha wa za kaminuza akora ubushakashatsi ku Rwanda kuva 2010, abacamanza bamubajije nimba jenoside yarateguwe. Yishuye ata guca hirya no hino ko kuva mu 1964 vyagaragara ko hazoba ubwicanyi bw’ikivunga buhama abatutsi. Yavuze ko n’ikinyamakuru The Guardian c’Abongereza cari caravyanditse mu 1964.
Helene Dumas yemeje ko mu ntago za 1990 insoresore z’Abahutu zigishijwe ivya gisirikare, zihabwa imipanga n’ibirwanisho. Madame Dumas avuga ko izo nsoresore zarindiriye imbarutso kugira zikore ibara, iyo nayo ikaba yabaye ikororwa ry’indege ya prezida Juvenal Habyarimana.
Umuhinga wa kabiri ku vyabaye yari kwumvirizwa yari Joseph Matata, umunyarwanda aba mu Bubirigi yahoze arongoye ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu, Radho, mu gihe ca jenoside imbere yo guhungira mu Bubirigi, ariko we ntiyitavye ku mvo ziwe bwite.
Urwo rubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye ruzobandanya ku wa kabiri humvirizwa umurwi wakoze amatohoza.
Nkunduwimye Emmanuel batazira Bomboko yagirizwa ivyaha vyo kwica amajana y’Abatutsi ahakorera ikigo Amgar, gusambanya ku nguvu abigeme n’abakobwa muri ico kibanza cari i Kigali, ivyaha we ahakana.
Nkunduwimye, w’imyaka 65, yaronse uruhusha rw’ubuhunzi mu 2003, mu 2005 aca ahabwa ubwenegihugu bw’Ububirigi.
Mu rubanza rwo ku munsi ugira gatatu yari yitavye ari kumwe n’abamwunganira .
Credit: Source link