- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseri
Ku munsi ugira 11 w’urubanza rw’abagabo babiri b’Abanyarwanda, Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, ruriko rubera i Buruseri mu Bubiligi, sentare yumvirije ivyabona vy’umushikirizamanza vyose vyagiriza aba bagabo bompi ko bakoze ivyaha.
Ivyo vyabona (abatangabuhamya) vyumvirijwe ejo ku wa kabiri igenekerezo rya 24 Gitugutu (10) uko ari 3 ni Abanyarwanda barimwo n’umwe ari mu munyororo mu Rwanda.
Uwa mbere ni uno mugabo apfungiwe ivyaha vya jenoside mu Rwanda, yumvirijwe hakoreshejwe uburyo bw’amashusho (vidéo conférence) iyo ari mu Rwanda.
Yari yambaye impuzu z’ibara ry’umucungwe (orange) zambarwa n’impfungwa mu Rwanda.
N’aho yavuze ko atibuka imyaka yiwe neza kuko atazi gusoma, guharura no kwandika, yemeza ko yari afise imyaka iri hagati na 18 na 20 mu 1994.
Yemeje ko yari Interahamwe yo muri segiteri ya Gikondo, kandi ko mu babaha ibirwanisho n’imyimenyerezo kw’isonga hari Twahirwa Séraphin yari abarongoye, akemeza ko yamwiboneye yica kandi abategeka kwica.
Avuga kandi ko Twahirwa yagendana inkoho, aho no mu rugo iwe haba Interahamwe nyinshi zavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Urwanda.
Aha yemeje ko imyimenyerezo ya gisirikare bayikorera mw’ikambi ya Gabiro n’imbere ya jenoside, akemeza ko baronswa n’impuzu n’ibirwanisho babihawe na Twahirwa.
Hakurikiye umugore w’imyaka 59 yumvirijwe hakoreshejwe amashusho (vidéo conference) ari aho asanzwe aba mu gihugu ca Australia. Co kimwe n’uwa mbere, na we yemeje ko yaba muri segiteri ya Gikondo kandi ko yabonye Twahirwa aha ibirwanisho Interahamwe azituma kwica Abatutsi, kandi ko yazija imbere.
Yemeje kandi ko yasambanya ku nguvu abakobwa, aho ngo bamwe yabatuma Interahamwe zikabamuzanira iwe kugira abasambanye ku gahato.
Uko ari babiri sentare ibabajije ko bazi Pierre Basabose bavuze ko ata vyinshi bamuziko uretse kumwumva nk’umwe mu batunzi bari bakomeye muri segiteri ya Gikondo mu cahoze ari commune Kicyukiro na préfecture ya Kigali.
Uwa 3 yumvirijwe na we nyene ni icabona cavuye mu Rwanda, wewe yari yishikiye muri sentare. Uwo mugabo w’imyaka 58 asanzwe ari umushingwamanza mu Rwanda yavuze ko yari mu mugambwe PSD utavuga rumwe na MRND, akavuga ko Interahamwe zabita abahemu bakorana na FPR, ico bita ivyitso.
Avuga ko izo nterahamwe zari zishigikiwe kuko atawe zagera umutwe mu gukubita, kwica no gusambura, kandi ko n’ibiro vya leta batabigera umutwe iyo hari uwo bashakayo. Aha yatanze akarorero k’igitero mu ntango ya 1994 Interahamwe zakoze muri parake (parquet) ya Kigali kugira batere ubwoba abacamanza n’abashikirizamanza.
Uwo mugabo yemeje ko ico gihe yakora nk’umunyamabanga wa parake ya Kigali kuva mu myaka ya 1990 imbere ya jenoside.
Ngo yama asoma ama raporo menshi yavuga ku vyaha bikorwa na Twahirwa, bivuye ku vyegeranyo vy’amasentare mato mato yakukira parake ya Kigali. Abajijwe kuri Pierre Basabose avuga ko yari amuzi nk’umwe mu bagwizatunga, bikavugwa ko yoba yarafasha Interahamwe naho yemeje ko vyari bigoye kumenya uruhara rwiwe kuko ataboneka cane.
Bitegekanijwe ko amasura menshi yumvirizwa kuri uno wa gatatu, aho hitezwe ko n’amasura yeza abagirizwa icaha yumvirizwa, co kimwe na bamwe mu bahinga bakoze amatohoza ku Rwanda.
Nk’uko bimaze imisi bigenda, Pierre Basabose ntiyarengutse, abamuburanira bakemeza ko akitswe n’amagara, hakaba hitavye Séraphin Twahirwa gusa.
Credit: Source link