- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Ku mugoroba w’uno wa kane urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside, rusozerewe ahamijwe ivyaha vya jenoside n’ivyo mu ntambara.
Urwo rubanza rwari rumaze igihe kirenga ukwezi ruburanishwa i Buruseli mu Bubiligi muri sentare y’abanyagihugu ica imanza zikomeye z’ivyaha (cour d’assise).
Isaha icenda z’umuhingamo ni ho abantu basitana binjira ahagira hasomerwe urwo rubanza. Umutekano wari ucungerewe bikomeye hanze n’imbere muri sentare.
Isaha icenda n’iminota indwi, ni ho umukuru wa sentare yinjira ari kumwe n’ivyegera vyiwe bibiri, hakurikira inyankamugayo zaciye urwo rubanza zari zimaze iminsi itatu mu mwiherero.
Mu kiringo c’isaha, umukuru wa sentare yavuze ko Nkunduwimye Emmanuel, inyuma y’umwiherero wagizwe n’inyankamugayo zatoranijwe guca urwo rubanza zihagarikiwe n’abacamanza batatu bagize sentare, basanze yagira ivyaha vya jenoside yakorewe abo mu bwoko bw’abatutsi mu 1994.
Ivyaha vyamwagiriye ni ivyaha vyo mu ntambara, amajambo abiba urwanko rwo guhonya abatutsi, gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu, gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha n’ukubikwiragiza mu nterahamwe.
Sentare yavuze ko ivyo vyaha yabikoranye na Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’interahamwe mu 1994 na Jean Marie Vianney Mudahinduka batazira Zuzu yari mu bakuru b’interahamwe, bose bahamijwe ivyo vyaha vya jenoside.
Sentare yavuze ko ahanini ivyo vyaha yabikoreye mu kibanza citwa Amgar mu gisagara ca Kigali, inzu nini yakorerwamwo ibintu bitandukanye vy’ubucuruzi.
Aho ngo yari ahafise inzu ikora imiduga (garage), ikaba yari yahindutse ibiro bikuru vy’interahamwe.
Sentare yaciye isubira mu mwiherero iri kumwe n’inyankamuguyo kugira ihitemwo igihano kizohabwa Emmanuel Nkunduwimye, kikazomenyekana ku munsi wa mbere.
Emmanuel Nkunduwimye yaburana yidegemvya yaciye ashirwako amapingu ajanwa gupfungwa ashorewe n’igipolisi c’Ububiligi.
Muri urwo rubanza rw’uyu munsi ntivyoroshe kuko bamwe mu bashigikiye Nkunduwimye hamwe n’abo ku ruhande rw’abacikacumu bahatswe gutana mu mitwe igipolisi kija hagati.
Ibuka iravuga iki kuri urwo rubanza
Ishirahamwe Ibuka riharanira inyungu z’abacikacumu rivuga ko baruhutse.
Ernest Sagaga aserukira iryo shirahamwe mu gihugu c’Ububiligi yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Ibi bigaragaza ko atawuhunga icaha, turaruhutse twebwe abacikacumu kandi bibere icigwa abakoze jenoside bacinyegeje.”
Abo mu muryango w’uwagirizwa icaha n’aho batashimye ko dufata amajwi yabo, mu majambo arimwo ishavu ryinshi bumvikanye bagira bati “ubu si ubucamanza, turagaye ibikorewe hano […] nta co tworenzako atari kuvuga ko uru rubanza ruhengamye.”
Emmanuel Nkunduwimye yaba mu Bubiligi guhera mu mpera y’imyaka ya 90, aho yari yaranahawe n’ubwenegihugu.
Igihano Emmanuel Nkunduwimye azohabwa kizomentekana ku munsi wa mbere.
Credit: Source link