- Umwanditsi, Jacob Panons
- Igikorwa, BBC News, mu bumanuko bushira ubuseruko
Ku muhingamo rw’ibikorwa vyinshi mu buraruko bw’Ubufaransa imiduga iriko irahinda ica iruhande y’ikambi y’abarondera ubuhungiro ya Dunkirk igizwe n’amahema yatabaguritse ikabamwo abantu bashobora kuzorungikwa mu Rwanda hamwe bokwinjira mu Bwongereza.
Ivyo ni ukubera reta y’Ubwongereza iriko iragerageza kutoza itegeko ry’uko abarondera ubuhungiro barungikwa mu Rwanda aho ivyo barondera vyoheza bikigirwa.
Umugabo umwe yabwiye BBC ko yoca yumva yokwiyahura hamwe yorungikwa mu Rwanda inyuma y’imyaka itatu amaze mu rugendo rwo gushika mu Bwongereza.
Yavuze ko itegeko Ubwongereza buriko buragerageza gushiraho ”ritagira ubuntu”.
”Ntibazi ingene twavuye kure n’ico bisaba kugira dushike ngaha,” niko yavuze.
Hamwe ayo masezerano y’imyaka itanu yokora, abarondera ubuhungiro bashobora guca bahabwa ubuhunzi hanyuma bakemererwa kubayo.
Bitagenze uko, bashobora guca basaba kuba mu Rwanda ku zindi mvo, canke bakarondera ubuhungiro mu ”kindi gihugu kigira gatatu gitekanye”.
Nta wurondera ubuhungiro yokwemerwa gusaba gusubira mu Bwongereza.
Muri iyo kambi yuzuye ubucafu i Dunkirk, James avuga ko atabona ko Urwanda ari igihugu gitekanye, inyuma yo kwiheba agafata ubwato bwo kuja i Buraya ahunze igihugu ciwe ca Sudan.
Muri Munyonyo mu 2023, Sentare Ntahinyuzwa y’Ubwongereza yaciye urubanza ata n’umwe avuyemwo mu bacamanza ko umugambi wo mu Rwanda uteye kubiri n’amategeko hanyuma yerekana amakenga ku mateka adashemeye y’Urwanda ku bijanye n’uburenganzira bwa zina muntu hamwe n’ingene rwafashe impunzi muri kahise.
Iyo ngingo imaze gusohoka, reta y’Ubwongereza yaciye itegura itegeko ryo gutomora ko Urwanda mu mategeko y’Ubwongereza ko ari igihugu gitekanye.
Daniel (si ryo zina ryiwe ry’ukuri) yavuze ko hamwe yorungikwa mu Rwanda yoca agerageza kugaruka.
Uwundi mugabo, nawe yanse kuvuga izina ryiwe ariko ngaha twise Richard, yariko arahanagura ibirato vyiwe mu gihe abandi bariko baramesa impuzu zabo.
Yatubwiye ko ivyo gushobora kurungikwa mu Rwanda bitaberekeye.
”Nzosubira ngerageze”, niko avuga. ”Ngiye mu Rwanda canke ahandi muri Afrika, nta ngorane kuri jewe, ariko ubwa mbere nshaka kubanza gushika mu Bwongereza. Ni ikintu gikomeye cane.”
Gushika ubu muri uyu mwaka, abantu icenda baramaze kugwa mu mazi bariko baragerageza kujabuka ikiyaga ca Manche (English Channel), mu 2023 bakaba bari 12 mu mwaka wose.
Igitigiri c’abarondera ubuhungiro bashitse mu Bwongereza inyuma yo kujabuka Manche cashitse ku rugero rwa mbere runini mu mezi atatu ya mbere y’umwaka, bose bakaba barenze 4.500.
Chris McSherry, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe rw’abagiraneza ryitaho impunzi Care 4 Calais , kuri uwo mugambi wo mu Rwanda yavuze ati: ”Iyo wari kuba ari uwo kubaca intege, aba bantu ntibaba bari ngaha (i Calais).
”Ariko abantu bari ngaha kandi bazobandanya bari ngaha.
”Abantu aho bari ntibatekanye, bafise ubwoba ariko n’ubundi baguma bagerageza kujabuka ngo bashike mu Bwongereza.”
Muri Kigarama (ukwezi kwa 12), umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak yavuze ati: ”Dutegerezwa kuronka ikintu kibaca intege kivuga kiti, ‘Uje ngaha mu nzira iteye kubira n’amategeko, ntushobora kuhaguma kandi uzokwirukanwa’.
”Hanwe tworonka ico kintu kigatangura gukora, nk’uko biri na Albania, ibitigiri bizoca bimanuka.”
Iryo tegeko ryo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro ryari ryitezwe guheza intambwe zo kwemezwa ku wa gatatu, ariko irindi tora ryitezwe ku wa mbere.
Umuvugizi wa reta yavuze ko abarondera ubuhungiro bashitse baciye mu nzira inyuranye n’amategeko inyuma y’itariki ya 20 Mukakaro (ukwezi kw’indwi) bazohura n’ingingo ”yo gutegerezwa kurungikwa” kandi dosiye yabo izoca igirwa ”iyidashobora kwemerwa”.
”Niyo itegeko ry’uko Urwanda ari igihugu gitekanye n’amasezerano ryajaho, indege zizoca zitangura kubajana vuba hashoboka,” nk’uko bavuze.
Credit: Source link