Mu misi mike, Ubwongereza buzoba buramutswa umushikiranganji wa mbere mushasha. Uwo ni Sir Keir Starmer yaraye atsinze amatora yo muri iki gihugu.
Muri ano matora y’ejo ku wa kane, umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak wo mu mugambwe w’aba-Conservative yemeye ko yatsinzwe.
Hafi nk’isaha cumi n’iminota 40 (04h40) mu gicugu mu masaha y’Ubwongereza, kuri uno wa gatanu, niho Sunak yemera ku mugaragaro ko umugambwe w’Abakozi (Labour) wayatsinze, kandi ko yanahamagaye Sir Keir Starmer kugira amukeze.
Ivyavuye muri ano matora y’ejo ku wa kane birangije ubutegetsi bw’aba-Conservatives bwari bumaze ikiringo c’imyaka 14 c’abashikiranganji ba mbere batanu.
Ivyo kurungika abimukira mu Rwanda bizoherera he?
Kimwe mu bibazo vyavuzwe cane muri aya matora, ni ikibazo co kurungika abimukira mu Rwanda, mu ntumbero yo kurondera kuzibira abinjira mu Bwongereza mu buryo buteye kubiri n’amategeko.
Muri uno mugambi watangujwe muri Ndamukiza (4) 2022, reta y’aba-Conservateurs yavuga ko umuntu uwo ari we wese yinjiye “mu buryo buteye kubiri n’amategeko” mu Bwongereza inyuma y’uwa 01 Nzero (1) 2022, yorungitswe mu Rwanda kugira ngo aje gusabirayo ubuhungiro.
Uno mugambi wategekanya ko uwari kwemererwa yoronkejwe ubuhungiro hanyuma agaca aguma muri iki gihugu co mu karere k’Ibiyaga binini.
Uwo vyokwanse na we, yosavye kubandanya aba mu Rwanda ku zindi mvo, canke naho akarondera ikindi “gihugu gitekanye” yosabamwo ubuhungiro.
Nta n’umwe yokwemerewe gusaba ngo asubire mu Bwongereza.
Reta yavuga ko uno mugambi wari kuzibira aborondera kwinjira mu Bwongereza bakoresheje utwato duto duto binjiriye mu Muhora w’Ubwongereza (Manche/Channel), iyi ikaba yari intumbero nyamukuru ya Rishi Sunak.
Ku ncuro zitari nke, hagumye hageragezwa igikorwa co kurungika aba bimukira mu Rwanda, ariko igihe cose wagiye uburizwamwo n’amategeko.
Muri iki gihe, vyari vyitezwe ko iyo Sunak aramuka atsinze amatora, aba mbere borungitswe muri uku kwezi kw’indwi, ariko mu gihe yariko yiyamamaza, Sir Keir Starmer yemereye Abongereza ko aramutse atsinze azoca ahagarika uno mugambi.
Iki rero ni co citezwe nk’uko yavyiyemeje kuko yaraye atsinze ano matora.
Nk’uko bivugwa n’ikigo kigenzura ingene reta ikoresha amafaranga y’igihugu, National Audit Office, uno mugambi wotwara imiriyoni 370 z’amafaranga y’Ubwongereza, pound (£) mu kiringo c’imyaka itanu, hakiyongerako n’izindi miriyoni 120 mu gihe horungikwa abarenga 300, hariko n’ibihumbi 20 vy’ama £ kuri buri muntu arungitswe.
Uno mukuru w’umugambwe w’abakozi yiyamamaza avuga ko ahagaritse uno mugambi azoshobora kuziganya imiriyoni zishika 75 z’amapawundi agaca azikoresha mu kurondera abahinga mu vy’amatohoza n’igendereza kugira ngo bazibire utwato duto duto tujabuka Manche.
Sir Keir avuga kandi ko ashaka gukoresha ububasha bwo kurwanya iterabwoba mu gutuza imirwi y’abantu binjiza abimukira mu kinyegero.
Ku bwiwe, uno mugambi w’aba-Conservateurs ntiwoshobora guhagarika abantu bagerageza kwinjira mu gihugu.
Igihe yabazwa nimba umugambwe wiwe woca ufuta uno mugambi, Sir Keir yabwiye abanyamakuru ko umugambwe w‘Abakozi “ubwo nyene uzoca ufuta iyi nteguro”.
Ati: “Si nshobora kubandanya n’uno mugambi mbona ko ataco uzomara, ahubwo uzotwara uburyo bwinshi.
“Tuzogarukana ubutegetsi bukomeye ku mbibe zacu, dutorere umuti iki kibazo kw’isoko ryaco hanyuma dusubirize burundu uno mugambi ku Rwanda”.
Credit: Source link